Burundi: Abiyunguruza kuri moto n'ikinga vyabo i Bujumbura bagire badohorerwe
HomeHome > Blog > Burundi: Abiyunguruza kuri moto n'ikinga vyabo i Bujumbura bagire badohorerwe

Burundi: Abiyunguruza kuri moto n'ikinga vyabo i Bujumbura bagire badohorerwe

Sep 13, 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ikinga na moto birabujijwe gushika mu gice kinini c'igisagara ca Bujumbura

Abajejwe intwaro mu Burundi bavuga yuko abafise amakinga canke moto bitari ivyo gucisha amafaranga mu kwunguruza abantu bagiye gusubira kwemererwa gushika mu bice vya Bujumbura bari bakumiriwemwo.

Ngo ariko bazotegerezwa kubanza kwandikisha ivyo vyumva vyabo kandi baronswe inyigisho z'amategeko y'ibarabara.

Ariko igihe ba nyene ivyo vyuma bazosubira kwemererwa kubishikana aho vyari vyarakumiriwe nticamenyeshejwe.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu Burundi bwafashe ingingo yo gukumira amakinga, moto na tuk-tuk mu gice kinini c'igisagara ca Bujumbura buvuga yuko ari kugira hirindwe amasanganya yari yabaye ndanse.

Aho yavugana na BBC, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, Pierre Nkurikiye, yavuze yuko abafise ivyo vyuma bazomenyeshwa vuba igihe botangura kuvyandikisha hamwe no guhabwa inyigisho.

Yagize ati: "[Hazoba] kubigisha canke kubibutsa amategeko y'ibarabara [...] ingene bategerezwa kwigenza mw'ibarabara kugira ngo bagende bazi neza ico bategerezwa gukora n'ico badategerezwa gukora mw'ibarabara maze uwuzobirengako azoce ahanwa bimwe vy'akarorero".

Mu gihe leta ivuga ko iyo ingingo yafashwe kubera umutekano w'ibarabara, BBC yashatse kumenya impamvu batabanje guha izo nyinyigisho abagendesha ivyo vyuma hako babanza kubaca mw'ibarabara.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abajejwe intwaro mu Burundi bavuga ko baguye igice amakinga, tuk-tuk na moto bitemerewe gushikamwo kubera ikibazo c'amasanganya menshi

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Kuri ico Bwana Nkurikiye yagize ati: "Ntitwabaciye mu mihanda ngira ngo mwavyumvise nabi. Ubwa mbere hariho ikibazo c'uko bariya bantu bateza amasanganya hagapfa abantu benshi, hagakomereka abantu benshi, ibintu vyinshi bikahahombera.

"Ingingo yambere rero yafashwe yari iyo kwagura ikibanza badashikamwo kugira turabe ko amasanganya yogabanuka, kandi yaciye agabanuka. Iminsi yose iyo hafashwe ingingo, hama hariho ingino mperekeza ari yo y'iyo rero."

Mu nama y'abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura yabaye ejo kuwa kabiri, umushikirangani w'intwaro yo hagati niwe yatangaje ko abafise amakinga n'amapikipiki bikorako ubwabo bashobora gusubira kwemererwa gushika mu bice bari barabujijwe gushikamwo.

Ivyo vyakurikiye ivyashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere w'u Burundi, Alain Guillaume Bunyoni, mu ndwi iheze mu nama n'abashingamateka, aho yavuze ko ingingo yo gukumira abagendesha ivyo vyuma batabicisha mafaranga ikwiye gusubira kwihwezwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Kwiyunguruza na moto canke ikinga ni bwo buryo buzimbutse mu gisagara ca Bujumbura

Haraciye ikiringo kingana n'ukwezi leta y'u Burundi ibujije abagendesha amakinga, moto na tuk-tuk gushika mu gice kinini c'igisagara ca Bujumbura ku mvo z'umutekano wo mw'ibarabara.

Iyo ngingo yarateje imyidogo myinshi y'abatunzwe no gukoresha ivyo vyuma mu kwunguruza abantu n'ibintu, co kimwe n'abavyikorako mu kwiyunguruza.

Ibura ry'ibitoro ku rwego mpuzamakungu ryakurikiye ryaje kwunyura ibintu, haboneka ku mbuga hwaniro amasanamu y'abantu batonze imirongo miremire ku bituro vy'amabisi i Bujumbura, amasanamu yaherekejwe n'imyidogo ku mbuga hwaniro.

Podcast