Bujumbura: Ibibazo vyo kwiyunguruza ata moto, bajaji n'ikinga mu gisagara
HomeHome > News > Bujumbura: Ibibazo vyo kwiyunguruza ata moto, bajaji n'ikinga mu gisagara

Bujumbura: Ibibazo vyo kwiyunguruza ata moto, bajaji n'ikinga mu gisagara

Sep 12, 2023

Mu mabarabara yo hagati mu gisagara ca Bujumbura hagaragara uruja n'uruza rw'abantu n'imiduga gusa

Uruja n'uruza mu gisagara ca Bujumbura rwaranzwe n'imirongo miremire y'abaja ku kazi n'amaguru no kugundana ku mabisi ku musi wa mbere w'ishirwa mu ngiro ry'ingingo ibuza ama bajaji, taxi-moto na taxi-velo kuja hagati mu gisagra.

Vyagaragaye ko imodoka zunguruza abantu zabaye nke, abadashoboye gusitana bagafata ingingo yo kugenda n'amaguru.

Iyo ngingo igifatwa, Jadot Nzitunga arongoye ishirahamwe AMOTABU ry'abagendesha amapikipiki, yari yagabishije ati: "Kizoba ikibazo, kuko ibi vyuma vyafasha abantu benshi, uri abajana abana ku mashure, abaja n'abava ku masoko atandukanye, abagiye ku bitaro n'amavuriro yo muri aya ma karitiye, n'abandi".

N'abasanzwe bagendesha ivyo vyuma vyo kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, bamwe baribaza aho bashobora gukura igitoro mu gihe aho bagenewe gukorera hatarangwa igituro c'igitoro na kimwe.

Ingingo yo gukura mu gisagara hagati ama taxi-moto, bajaji n'amakinga yafashwe igenekerezo rya 23 Ruhuhuma (2) mu 2022 n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu.

Igifatwa, ubushkiranganji bwari bwavuze ko izoja mu ngiro itariki 11 z'ukwezi kwa gatatu.

Inyuma y'isekeza ryo gusigura iyo ngingo ryatunganijwe mu gisagara ca Bujumbura, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano bwaciye bwongera iyindi misi cumi ku basanzwe batunze ivyo vyuma babicisha amahera ngo bavyandikishe.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko bwishimikije ivyegeranyo vyerekana ko mu mwaka wa 2021-2022 igitigiri c'abagize amasanganya ari 130, bukavuga ko menshi muri ayo masanganya yavuye kuri ivyo vyuma.

Ariko ababeshejweho n'akazi ko kwunguruza abantu kuri ivyo vyuma, ababigenderako n'amashirahamwe atandukanye bavuga ko ikibazo co kwunguruza abantu mu Burundi gikwiye kwigwa muri rusangi n'umugwi w'abahinga kugira gitunganywe gushasha kuko kirimwo ingorane nyinshi.

Kuva kuri uyu wa mbere nta Bajaji, Taxi-Moto n'amakinga bikirangwa mu gisagara ca Bujumbura hagati

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Barerekanye amakenga ku ngaruka bigiye kugira ku miryango, narirya n'amikoro asanzwe ari make.

Umuntu umwe yari muri zone Kamenge muri komine Ntahangwa yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Jewe nciye mu Kamenge isaha 8h30 (isaha zibiri n'inusu mu gitondo) mbonye abantu bakirindiriye bus ari umurongo munini cane kuva kw'isoko gushika kuri terminus biteye umubabaro n'agahinda."

Uwundi yagize ati: "Eee bagabo umunyagihugu agira ameneke ijisho. Mvuye Kinanira yegereye Kanyosha n'amaguru gushika ville, bus zamizwe ku buryo abantu baharya inzara [bahagenda n'amaguru] gushika ville. Ibintu birakomeye cane."

N'abasanzwe bagendesha ivyo vyuma vyo kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, bamwe baribaza aho bashobora gukura igitoro mu gihe aho bagenewe gukorera hatarangwa igituro c'igitoro na kimwe.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi Gervais Ndirakobuca yavuze ati "Iyi ni ingingo 'technique' izodufasha mu mutekano, uruja n'uruza mu gisagara ca Bujumbura".

Ati umuti "urarura mugabo uranyobwa kandi umuntu arawumira ugashikayo".

Podcast