Burundi: Ibiciro vy'igitoro no kwiyunguruza 'biraduga ariko igitoro ntitukibona'
HomeHome > News > Burundi: Ibiciro vy'igitoro no kwiyunguruza 'biraduga ariko igitoro ntitukibona'

Burundi: Ibiciro vy'igitoro no kwiyunguruza 'biraduga ariko igitoro ntitukibona'

Sep 12, 2023

Aho igitoro kibonetse abantu bararundana ngo barabe ko boroka n'iritiro nkeya

Amafaranga y'itike yo kwiyunguruzako mu gisagara ca Bujumbura mu buryo rusangi bwa bisi yaraye adugijwe, n'inyuma y'iduzwa ry'igiciro c'igitoro, ariko ubukene bwaco burabandanya.

Kuva kuri uyu wagatatu, kwiyunguruza muri bisi hagati mu gisagara ca Bujumbura bisaba amafaranga 550, naho hagati y'inkengera no mu gisagara ni kuva ku 600 gushika ku 1.000 Fbu, nk'uko itangazo ry'ubushikiranganji bw'ubudandaji n'ugutwara abantu n'ibintu ribivuga.

Gushika bihinduke itike ryo kwiyunguruza muri bisi mu gisagara ca Bujumbura ryari ku mafaranga 450 n'ubwo abanguruza abantu bari basanzwe baramaze kwiduguriza kuva igiciro c'ibitoro kiduze mu mpera z'ukwezi kwa kane.

Bubaye ubugira kabiri ico giciro kiduga kuva mu kwezi kwa mbere.

Kigenda kirakurikirana n'iduga ry'igiciro c'igitoro naco kimaze kuduga kabiri kuva mu kwezi kwa mbere ku rugero rwa hafi 30% muri rusangi.

Ingaruka z'intambara muri Ukraine n'ikiza ca Covid biri mu bitangwa nk'imvo ry'iryo kena n'iryo duzwa.

Niko vyasiguwe n'umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu umusi yatangaza ibiciro bishasha vy'ibitoro ku wa 28 ukwezi kwa kane guheze.

Ubuheruka mu mpera z'ukwezi kwa kane guheze, igiciro c'igitoro cavuye ku mafaranga 2.700 kija ku 3.250 kuri essense, na 2.650 kuja ku 3.450 Fbu kuri mazutu.

Gusa n'aho ivyo biciro biduga, mu gihugu na cane cane ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura, habandanya kwibonekeza ubukene bw'ibitoro.

Umwe mu banyonga taxi y'imodoka mu gisagara ca Bujumbura yiriwe atondeye igitoro ku wa ku wa kabiri ati: "Barakidugije ariko ntakihari… erega ibi bintu tubibamazemwo amezi".

Imodoka ziraramara imisi n'iyindi zitondera igitoro, aho kibonetse kigahera nyinshi zitaronse

N'ibiciro vyo kwiyunguruza hagati y'uturere dutandukanye mu gihugu navyo vyaradugijwe. Urugendo rwa Bujumbura-Cankuzo mu buseruko bw'Uburundi nirwo rusaba menshi kurusha izindi, itike ni 16.000 Fbu.

Kuva umwaka utangura, igitoro cagumye kiboneka nabi mu Burundi na cane cane ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura, ingaruka zikaba zibonekeza cane mu kwunguruza abantu n'Ibintu.

"Ni ukuri ubu abantu baranze kumenyera kugenda n'amaguru... kuko gutondera bisi n'uguta umwanya" nk'uko bivugwa n'umwe mu baba aho muri ico gisagara.

"Bisi nazo zirirwa ku mirongo zitondeye igitoro".

Ku mbuga hwaniro, abantu bererekana mu buryo butandukanye ingaruka z'ubukene bw'ama bisi, n'iduga ry'ibiciro vyo kwiyunguruza.

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga

Umwe mu bagize ico bavuga kuri ivyo ati: "Mubayeho neza Nani!!umukate muracagura?ration ya 10.000?muri muba mbere peee!!"

Intambara Uburusiya bwateye muri Ukraine ikomeje kugira ingaruka kw'isi yose na cane cane mw'iduga ry'ibiciro vya gaze n'ibitoro. Uburusiya buza ubwa mbere kw'isi mu kwimbura no gushora gaze.

Mu Burundi izo ngaruka zahuriranye n'ingingo yo kubuza taxi-velo, taxi-moto na tuk-tuk gushika mu bice vyo hagati mu gisagara ca Bujumbura. Benshi bavuga ko vyatumye ibintu vyunyuka kuko bwari uburyo bunyaruka kandi busaba amafaranga make n'ibitoro bike ugereranije na bisi.

Ingingo yo kugabanya akarere k'igisagara izo ngendeshwa zikoreramwo mu gisagara ca Bujumbura yatanguye kuja mu ngiro mu kwezi kwa gatatu. Reta isigura ko ivyo vyuma vyatera amasanganya menshi.

Mu gihe ibiciro ku miduga yunguruza abantu mu buryo rusangi bishingwa n'ubushikiranganii bw'ududandaji n'gutwara abantu n'ibintu, abatwara abantu mu buryo bwa taxi bo nta giciro-fatiro bafise, umwe umwe wese yiyumvikanira n'umukiriya.

Umwe mu bagendesha taxi aho mu gisagara ca Bujumbura ati "urugendo rwa nyuma rugufi muri taxi sindagutwara utampaye ibihumbi bine". Aho mu mezi make aheze avuga ko hagendwa ku bihumbi bitatu canke bidashika.

Mu buryo bwo gutwenza ariko bwerekana ingene ibintu vyifashe, umwe mu baba mu gisagara ca Bujummbura ati: "Hasigaye hari embouteillage [urutavanako] y'abagenda n'amaguru."

Podcast