Burundi: Kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura
HomeHome > News > Burundi: Kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura "ni nko kunywa umuti urura"

Burundi: Kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura "ni nko kunywa umuti urura"

Jan 28, 2024

Ahavuye isanamu, Gildas Yihundimpundu

Ku gituro c'imodoka hagati mu gisagara ca Bujumbura uhasanga imirongo miremire y'abatonze

Mu Burundi hasigaye hari kibazo gikomeye co kwiyunguruza na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, bigatuma benshi bagenda n'amaguru abandi bagasiba ku buzi mu gihe imiduga yunguruza abantu ubu ari mike cane.

Izi ni ingaruka z'itegeko ribuza amakinga, amapikipiki hamwe na za tuk-tuk; gushika mu bice bimwe vy'igisagara ca Bujumbura.

Hari kandi n'ikibazo co kubura kw'ibitoro cibonekeza hose kw'isi muri iki gihe, ahanini bitewe n'intambara iri mu gihugu ca Ukraine.

Ku rubuga rwa BBC kuri Facebook, benshi berekanye akababaro batewe n'ikibazo co kwiyunguruza, aho usanga batonda imirongo miremire.

Uwiyita Djuma Jay Bee Thegam kuri Facebook agira ati: "Ni ingorane gusa ubu benshi tugenda n'amaguru bikatugora gushika ku buzi hakiri kare. Biratuvuna cane nk'ubu hoho hari n'ubukene bw'igitoro vyabaye ndanse.

"N'abava inyuma y'amakomine ya Mukaza gushika kukazi ni mpaka saa 8:30 canke 9:30. Leta yorekura ingingo yafashe kuko twe nk'abanyagihugu turatesetse cane turarushe mpaka mu mitima baraduhombeje pee"

Hari n'abandi nka Spes Malina bavuga ko bagira urugendo rurerure n'amaguru kandi ko n'ama taxi y'imodoka agenda araduza ibiciro uko bukeye uko bwije.

Agira ati: "Eweee ayo tubonye ntavurwa. Uribaza kuva mu Ruziba n'amaguru gushika muri ville no mugutaha bikaba uko nyene. Emwe uwuramvye azobona ubwanwa bwapfutse umunwa. Ama taxi na yo baduza ibiciro uko bigombeye. Où va mon pays le Burundi (Igihugu canje c'u Burundi kiriko kirerekeza hehe?)?"

Muri abo bagize ico bavuga ku kibazo co kwiyunguruza mu Burundi, hari n'abanditse ko ari akaryo keza ko kunonora imitsi.

Ariko hari n'abavuze ko harimwo inkurikizi z'intambara iri hagati ya Ukraine n'Uburusiya, nka Sapir Nkundimana.

Ati: "Intambara (bambe ibikorwa vya gisirikare) Uburusiya bwateje izodukwegera ibitari bike."

Ahavuye isanamu, Getty Images

Itegeko rikumira amakinga, moto na tuk-tuk riri mu vyateje ikiba co kwiyunguruza

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Niyongabo Nazari we avuga ko abarwayi bariko barabapfirako kubera kubura uburyo bwo kubashikana kwa muganga.

Ati: "N'ukuri abarwayi baradupfana twebwe bato bato ku mpanvu yo kwiyunguruza vyabaye ndanse.

"Kare watora bajaje ukagenda habura igitoro hako apfa ugashira kw'ikinga ukagenda. Ariko mw'iki gihe turimwo, urabisha amaso.

"Nyabuna reta narirya ari mvyeyi, nirabe ikoreshe umutima wa kivyeyi ireke gufata ingingo ukuraho."

Hari n'abacishamwo bagakoresha imvugo yo gutwenza nka Jovith Nizigiyimana avuga "uyu muti urarura natwe mu kuwunywa tugenda turasoma ishapule. Ushika iyo uja irozari wayirangije. Kumbure Mariya aradusabira."

Mu mpera z'ukwezi kwa kabiri, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere bwarafashe ingingo yo gushinga akarere amabajaji, ama taxi moto n'amakinga, bisanzwe bikoreshwa n'abantu benshi mu kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura, bitemerewe gushikamwo.

Imbere y'uko iyi ngingo ija mu ngiro, abagendesha ibi vyuma bunguruza abantu ahanini bari basanzwe bemerewe gukorera mu makomine ya Ntahangwa na Muha gusa, igice kinini ca komine Mukaza hagati na hagati mu gisagara ntibari barekuriwe kugishikamwo.

BBC iracagerageza kumenya ico abajejwe intwaro mu Burundi bavuga kuri iyi myidogo y'abanyagihugu.

Imvo n’Imvano kw’iyirukanwa ry’amakinga, taxi-moto na bajaji mu duce tumwe twa Bujumbura

Podcast Ntibishobora gukina mu cuma cawe